Uko wahagera

Ubulaya Bwiteze Gukorana na Joe Biden ku Masezerano ya Nikleyeli na Irani


Josep Borrell arongoye igisata c'imigenderanire n'amakungu mu muryango w'Ubumwe bwa Bulaya
Josep Borrell arongoye igisata c'imigenderanire n'amakungu mu muryango w'Ubumwe bwa Bulaya

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya ryavuze kuri uyu wa mbere ko ryiteze gukorana vuba na Perezida yatowe Joe Biden ku kuvugurura amasezerano ya Nikleyeli na Irani. Riramirira kandi kure ivyagiriji vya Irani ko ryashigikiye ibihano Amerika yafatiye ico gihugu.

Josep Borrell, ajejwe igisata c’imigenderanire muri uwo muryango, yavuze ko yakiranye akanyamuneza ivyashikirijwe na Perezida yatowe Joe Biden vyo gusubiza Amerika muri ayo masezerano.

Biden, azoshikira amabanga kw’italiki ya 20 y’ukwezi kwa mbere, yavuze ko azoca yihutira gusubiza Amerika mu masezerano na Irani. Amerika yayavuyemwo mu 2018 ku ntwaro ya Perezida Donald Trump, yaciye asatiriza Irani urukurikirane rw’ibihano.

Kuva mu 2019, Irani nayo yaciye yidohora muri yo, ivuga ko ibifitiye uburenganzira kuko Amerika itakiyarimwo.

Icerekana ko Biden afise umwitwarariko wo kurondera umuti ku masezerano ya Nikleyeli na Irani, kuri uyu wa mbere yagenye William Burns, umudiplomate yakukurutse, kuzoba umuyobozi w’ikigo kijejwe iperereza, CIA.

Burns yarafashije mu kurongora ibiganiro vyabaye mw’ibanga na Irani vyashitse kuri ayo masezerano yo mu 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG