Uko wahagera

Irani Isaba Umuhuza ku Gusubira mu Masezerano ya Nikleyeli


Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire, Mohammad Javad Zarif.
Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire, Mohammad Javad Zarif.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, kuri uyu wa mbere yasavye ishirahamwe rya Bulaya kurongora igikorwa co kugarukana Reta zunze ubumwe z’Amerika na Irani mu masezerano ya Nikleyeli. Ni inyuma y’aho ivyo bihugu bibiri bidahuza kuwofata intambuko ubwa mbere.

Perezida Joe Biden ashigikiye gusubira muri ayo masezerano uwo yasubiriye, Donald Trump, yavuyemwo, ariko ashimikira ko Irani ibanza ubwa mbere gusubira gukurikiza ivyo yemeye, imbere yo gufatirwa ibihano na Trump.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammmad Javad Zarif, yasavye ko ibihano bivanwaho imbere y’ukugira ico igihugu ciwe gikoze, yabishikirije mu kiganiro yahaye televiziyo CNN.

Zarif yasavye umutegetsi ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe rya Bulaya, Josep Borrell, gufasha muri ico gikorwa co kwumvikanisha Amerika na Irani gusubira mu masezerano yasinywe kandi n’Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya hamwe n’Ubushinwa.

Umushikiranganji w’Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, mu ndwi iheze yavuze ko gusubira mu masezerano ya Nikleyeli bishobora kuzofata umwanya kuko Irani isabwa ubwa mbere gutsinda ishavu ikabanza gusubira gushira mu ngiro ivyemeranijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG