Uko wahagera

Rouhani: Perezida Wese wa USA Abwirizwa Kwemera Ibisabwa na Irani


Perezida wa Irani, Hassan Rouhani.
Perezida wa Irani, Hassan Rouhani.

Perezida wa Irani, Hassan Rouhani, yavuze kuri uyu wa kabiri ko umuperezida agiye kuzotwara Amerika abwirizwa kuzokwemera ibisabwa na Irani, avuga kandi ko atamwumvikano ushoboka mu gihe Perezida Donald Trump ariko agwanira kwongera gutorwa.

Perezida Rouhani yabwiye inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko Irani itari igihugu kigira ku bizova mu matora canke kuri politike yo hagati mu gihugu ya Amerika. Avuga ko reta yose izova mu matora ata mahitamwo izoba ifise atari ukwishikana kuri Irani.

Icuka kibi hagati ya Irani na Amerika cunyutse ku ntwaro ya Perezida Trump, kuva aho akuriye Amerika mu masezerano ya Nikleyeli yumvikanywe ku ntwaro ya Barack Obama ndetse n’inyuma y’urukurikirane rw’ibihano kuri Irani.

Joe Biden, umukeba wa Trump muri Politike mu matora yo kw’italiki 3 ukwa cumi na kumwe, yavuze ko ashigikiye amasezerano ya Nikleyeri yo mu 2015.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’amakungu, Mohammad Javad Zarif, ku wa mbere yavuze ko ata gusubira kuganira ku masezerano yo mu 2015, yapfunditswe inyuma y’ibiganiro bitoroshe vyarimwo umushikiranganji w’imigenderanire w’Amerika, John Kerry. Yavuze ko Amerika idashobora guteza intambara kuri Irani.

Trump yarongereje umurego ku munsi wa mbere mu gufatira ibihano abaciye kubiri na ambargo y’ibirwanisho kuri Irani, asuzugura akanama ka ONU kajejwe umutekano kavuze ko ata bubasha abifitiye.

Trump yatomoreye abandi bakuru b’ibihugu ko Amerika itakiri muri ayo masezerano ya nikleyeli.

Abagenduzi ba ONU bavuga ko Irani yariko irubahiriza amasezerano, ariko reta ya Trump ivuga ko icihutirwa ari uguhangana na Irani mu karere no gukomeza Isirayeli na Arabiya Sawudite.

Ubufaransa n’ibindi bihugu rutura vya Bulaya bivuga ko bishigikiye kugumizaho ambargo ku birwanisho kuri Irani, ariko ko icihutirwa ari ukurondera inyishu mu mahoro ku bibazo vya Nikleyeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG