Uko wahagera

Amerika Irafatira Ibihano Abatubahirije Ibihano Vyafatiwe Irani


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu, Mike Pompeo.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu, Mike Pompeo.

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa mbere irafatira ibihano abantu hamwe n’amashirahamwe arenga 20 bafise uruhara mu guca kubiri n’amasezerano ya Nikleyeli kuri Irani, porogaramu ya misile hamwe n’ayerekeye ibirwanisho.

Umutegetsi wa Amerika atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yavuze ko Amerika izobibafatira naho hari ibihugu mpuzamakungu bicuditse bitabishigikiye kuko ibihano vya Nikleyeli kuri Iraki ikiringo cavyo carangiye. Ariko Amerika yategetse ko bibandanya gushirwa mu ngiro.

Uwo mutegetsi yavuze kandi ko Irani ishobora gukora ikirwanisho ca Nikleyeli mu mpera z’uyu mwaka kandi iriko irakorana na Koreya ya ruguru mu gukora ibigandajuru vya Misile bigenda ikirere kirekire. Ariko nta vyemeza yatanze.

Ibi bihano bishasha biri mu twigoro twa Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump two kubuza Irani kugira igihagararo mu karere.

Ni ubutumwa bwahawe ibihugu vya Bulaya bicuditse na Amerika, hamwe n’Ubushinwa n’Uburusiya ko mu gihe bitokubahiriza ingingo yo kugumizaho ibihano kuri Irani, amashirahamwe yo mu bihugu vyabo azobica kubiri azokwibonerako.

Reta ya Trump yikeka Irani ko iriko irarondera ikirwanisho ca Nikleyeli ariko Irani yamye ibihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG