Uko wahagera

Amerika na Irani Ntibahuza ku Gusubira mu Masezerano ya Nikleyeli


Umushikiranganji w'Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi maukungu, Antony Blinken, i Washington.
Umushikiranganji w'Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi maukungu, Antony Blinken, i Washington.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ishikiriza ko izosubira mu masezerano ya Nikleyeli na Irani igihe ico gihugu kizoba cubahirije ivyo ciyemeje. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu w’Amerika, Antony Blinken, yabishikirije kuri uyu wa gatatu. Yavuze kandi ko bishobora kuzofata igihe kirekire gushika amatohoza y’ukwemeza ko vyakurikijwe arangiye.

Umushikiranganji Blinken, yemeje ko Perezida Joe Biden afise ishaka ryo gusubira muri ayo masezerano yasambuwe n’uwo yasubiriye, ariko ntiyemera ko Amerika iri yo ikwiye kubanza kwerekana uruhara rwayo.

Uwahoze ari perezida, Donald Trump yavuye muri ayo masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015 yaganiriwe ku ntwaro ya Barack Obama kandi aca abikurikiza ibihano.

Irani yishuye mu kudohoka kuvyo yiyemeje muri ayo masezerano.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, yasavye ko Amerika yobanza guhagarika ibihano Trump yasize afashe, harimwo kwongera kureka Irani ikagurisha ibitoro vyayo.

Abategetsi ba Irani bafise ubwoba ko abasenateri b’abarepublikani bo mu mugambwe wa Trump batacemera ayo masezerano ya Nikleyeli kandi batokwemera gukuraho ibihano mu gihe Irani yokwemera gukurikiza ivyo isabwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG