Uko wahagera

Ubulayi Bwifuza Kugarukira Amasezerano ya Nikleyeli na Irani


Abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Bimwe mu bihugu vya Bulaya
Abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Bimwe mu bihugu vya Bulaya

Abashikiranganji b’imigenderanire n’amakungu b’ibihugu rutura vya Bulaya hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika bazoganira kuri uyu wa kane barabira hamwe uko bogarukira amasezerano ya Nikleyeli na Irani yo mu 2015. Ni mu gihe hasigaye imisi mike ngo ikiringo catanzwe na Irani kirangira kandi bishobora kubera intambamyi abagenduzi mpuzamakungu kuvya Nikleyeli kwinjira muri Irani.

Umushikiranganji w’Ubufaransa, Jean-Yves Le Drian yavuze kuri uyu wa gatatu ko ategekanya kwakira bagenze we b’Ubudagi n’Ubwongereza i Paris, na mugenzi wabo wa Amerika, Antony Blinken, yifatanya nabo ku buhinga bwa Videwo Conference.

Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel yabwiye Irani ko afise amakenga kubona ico gihugu kitariko kirakurikiza ivyo ciyemeje, mu kiganiro yagiranye kuri telephone na perezida wa Irani Hassan Rouhani, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wiwe.

Abasesenguzi bavuga ko hagisigaye amahirwe make kugira bagarukire ayo masezerano, yahuye n’ibibazo igihe uwahoze ari perezida wa Amerika Donald Trump ayakuriyemwo akarenge mu 2018.

Reta ya Joe Biden yavuze ko yiteguye kuyasubiramwo no gutangura gufuta ibihano mu gihe Irani yosubira kuyakurikiza, ariko Irani iracabiharirako.

Iciyongeye kuri uko kutumvikana, Irani itegekanya kubuza abagenduzi ba ONU bajejwe kugenzura ivya Nikleyeli gusubira kwinjira muri Irani mu gihe Amerika itohanagura ibihano yafashe kuva mu kwezi kwa kabiri 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG