Uko wahagera

Biden Yibutse Abanyamerika 500.000 Bamaze Kwicwa na Covid-19


Biden White House commemoration
Biden White House commemoration

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, ejo ku musi wa mbere yarahagarariye umuhango wo kwibuka ibihe vy’umwiza Amerika irimwo aho imaze gutakaza abantu 500 000 bishwe na Covid-19. Ibi ni mu gihe ariko Ubwongereza buriko buratezura ku ngingo bwafashe za guma mu rugo kandi gutangura gucandaga vyazanye icizere kw’isi.

Mu gihe Amerika igeze ku gice c’umuliyoni w’abishwe n’uwo mugera, Biden yategetse ko amabendera ku nyubakwa za reta amanurwa gushika hagati mu kiringo c’imisi itanu.

Perezida Biden yashikirije ijambo abanyamerika ari muri White House abasaba kwihangana kuko ngo ibi bihe hazoshika aho birengana. Urwinjiriro rwa White House rwari rucanyemwo buji 500 zigaragaza igitigiri c’abantu ibihumbi amajana atanu bamaze guhitanwa n’ico kiza. Yari kumwe n’umutambukanyi wiwe Jill, hamwe n’icegera ca perezida, Kamala Harris n’umutambukanyi wiwe, Doug Emhoff.

Umuvugizi wa perezidansi y’Amerika, Jen Psaki, yabwiye abamenyeshamakuru ko uru rubanza rufise insobanuro yo kwerekana uburemere bw'ubwinshi bw’abantu Amerika imaze kubura.

Perezida Biden yashize imbere y’ibindi urugamba rwo kurwanya Covid-19, mu guhimiriza abanyagihugu kwicandagisha ku bwinshi.

Gushika kuri uyu wa mbere, Kaminuza Johns Hopkins ivuga ko abamaze kwicwa na Covid-19 muri Amerika barenga 500 000, mu gihe kw’isi bariko baregereza imiliyoni 2 n’ibihumbi 500.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG