Uko wahagera

Covid19: Perezida Biden Yipfuza ko Amashure Asubira Kugurura


Perezida Joe Biden mu gisagara ca Milwaukee, muri Reta ya Wisconsin
Perezida Joe Biden mu gisagara ca Milwaukee, muri Reta ya Wisconsin

Prezida wa Amerika Joe Biden yatangaje ko kwugurura amashure matomato uzoba umwe mu migambi nyamukuru yiwe. Ni mu kiganiro yagirishije ejo ku musi wa gatatu mu gisagara ca Milwaukee, muri Reta ya Wisconsin catunganijwe na televiziyo CNN aho yishuye ibibazo bitandukanye vy'abanyagihugu.

Prezida Biden yemeye ko amashule mato mato nka yose azokwugururwa imisi itanu mu ndwi mu mpera y’imisi 100 yiwe ya mbere ari mu mabanga yiwe. Prezida Biden yagirishije ikiganiro catunganijwe na teleziviyo CNN mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatatu mu gisagara ca Milwaukee, muri Reta ya Wisconsin.

Abantu baribajije ibibazo vyateye vyiyongera ku kugene azosubira kwugurura amashule mu gihugu. Muri iki gihe abo banyeshule benshi biga hakoreshejwe ubuhinga bwa internet. Urugendo rwa Prezida Biden mu gisagara ca Milwaukee rubaye mu gihe ibitigiri vy’abandura n’abahitanwa n’ikiza ca Covid-19 biriko biragabanuka. Ni inyuma yuko ivyo bitigiri vyiyongeye bikomeye cane mu kiringo c’amezi abiri arangiye.

Reta yiwe ivuga kandi ko incandago zihabwa abanyagihugu ziriko ziriyongera mu gihugu inyuma yuko ico gikorwa cikweze mu ntango. Prezida Biden yavuze ko impinga ikiri ndende ku gihugu ciwe. Ni mu gihe abanyamerika ibihumbi n’ibihumbi bapfa bahitanywe n’ikiza ca Covid-19 uko umusi utashe.

Ico kiza kimaze guhitana abantu 485,000. Ubwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19 buriko butuma utwigoro tw’uguhangana n’ico kiza tutoroha

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG