Perezida yatowe Joe Biden na Kamala Harris n’abatamukanyi babo kuri uyu wa gatatu bakoze umuhango wo kwibuka no kwunamira abanyamerika barenga 400 000 bamaze kwicwa na COVID-19.
Babikoze bagishika i Washington DC aho kuri uyu wa gatatu sasita z’umuhingamo ku masaha ya Washington, n’ukuvuga isaha imwe z’ijoro mu masaha yo mu Burundi n’u Rwanda bimikwa mu mabanga yo kurongora Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Biden yavuze ko gukiza bikwiye gutangurira ku kwibuka, kandi ko rimwe na rimwe bigoye kwibuka abapfuye, ariko ko ari bumwe mu buryo bwo gukiza.
Abategetsi bajejwe umutekano bavuga ko bariko barakora ibishoboka vyose, harimwo ibiro vy’inyamiramabi vya FBI biriko biratohoza kuri umwe wese mu basirikare 25 000 bazanywe gucungera umutekano, kugira bamenye ko ata wuri muri bo ashobora guhungabanya ibirori vyo kuri uyu wa gatatu.
Haruhande y'ivyo, Umukuru w’abarepublikani muri Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika, Mitch McConnell yashikirije kuri uyu wa kabiri ko perezida asezeye amabanga Donald Trump ari we yagumuye ibihumbi vy’abanywanyi biwe gutera ibiro vy’inama nshingamateka. Yavuze ko iyo migumuko yo kw’italiki 6 z’ukwezi kwa mbere yari itumbereye kubuza abashingamateka kwemeza intsinzi y’umudemokrate Joe Biden mu matora yabaye mu kwezi kwa cumi na kumwe.
McConnell yabibwiye Sena hasigaye umusi umwe ngo Biden arahizwe kuba umuperezida wa 46 w’Amerika.
Abnantu barenga 100 mu bari muri iyo migumuko baramaze guhagarikwa no kwagirizwa ivyaha, abandi 275 barakorwako amatohoza.
McConnell yavuze ko yiteze ko abatowe n’abanyagihugu kuba perezida n’icegera ca perezida barahira mu mahoro kuri uyu wa gatatu naho Trump yahisemwo kutavyitaba agashima kwigira ku rugo iwe muri reta ya Florida.
Facebook Forum