Uko wahagera

Biden Yatangaje Umugambi wo Kurwanya Corona no Kuzamura Ubutunzi


Perezida yatowe Joe Biden avuga ko kiza ca Corona n'ingene agiye kukirwanya. Mu gisagara ca Wilmington, muri reta ya Delaware, kw'italiki ya 14/01/2021.
Perezida yatowe Joe Biden avuga ko kiza ca Corona n'ingene agiye kukirwanya. Mu gisagara ca Wilmington, muri reta ya Delaware, kw'italiki ya 14/01/2021.

Perezida yatowe Joe Biden kuri uyu wa kane yashize ahagaragara uko ategekanya guhangana n’ingaruka za Corona, umugambi urimwo kwongereza ibitigiri vy’abacandarwa no gufasha kunagura igisata c’ubutunzi bwahungabanijwe n’iki kiza.

Umugambi wa Biden uzoba kandi urimwo ikindi gice c’amafaranga azohabwa imiryango y’abanyamerika, ayazofasha igisata c’amashure kugira yugurure ata bwoba bwo kwanduzanya mu banyeshure hamwe no gushira inguvu mu mugambi wo gucandaga.

Abandi bazofashwa ni abikorera utwabo bato bato, cane kane amashirahamwe y’abirabure.

Umugambi wa Biden uzotwara Triliyoni 1 n’imiriyaridi 900 z’amadolari kandi yiteze ko uzozamura ubutunzi uteko urwanye umugera wa corona ku rugero rushimishije.

Biden yihaye intumbero yo gucandaga imiliyoni 100 z’abantu mu misi 100 ya mbere amaze gushikira ubutegetsi kw’italiki ya 20 z’ukwezi kwa mbere.

Yanavuze ko reta yiwe itegekanya ko ata munyamerika azosubira guhembwa amadolari ari munsi ya 15 kw’isaha.

Umukuru w’abademokrate muri Sena, Chuck Schumer yavuze ko kwemeza iyo nteguro y’itegeko kizoba ica mbere kizokorwa igihe abademokrate bazotangura kugira ubwiganze muri Sena.

Reta zunze ubumwe z’Amerika imaze kuronka abantu hafi 388 000 bamaze kwicwa na COVID-19, kandi mu mezi arenga abiri, igihugu kiriko gica mu bihe bibi cane mw’igwirirana ry’abandura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG