Uko wahagera

Reta ya Centrafrika Yemeza ko Yambuye Abarobeli Igisagara ca Beloko


Reta ya Centrafrika yavuze kuri uyu wa kane ko igisirikare cayo gifatanije n’inteko z’Uburusiya n’u Rwanda cigaruriye igisagara ca Beloko kiri mu burengero bw’igihugu cari mu minwe y’abarobeli. Ibi bitumye ibarabara ryacako ivya nkenerwa ryari ryarugawe kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri ryongera guhita.

Urunani rw’imihari y’abarobeli rurwanya reta rwari rwaraciye iryo barabara rishika ku murwa mukuru Bangui, ahahora haca imfashanyo ziva ku rubibe na Kameruni.

Reta yavuze ko iki gisagara ciyongereye ku bindi vya Boali, Bossembele, Bossemptele, Yaloke na Bouar, igisirikare ca Centrafrika, gifadikanije n’abasirikare b’Uburusiya n’u Rwanda cafashe.

Umushikiranganji wa mbere, Firmin Ngrebada, yavuze ko uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa bigiye kwongera gukoresha umuhora wa Bangui-Beloko.

Imihari itandatu ikomeye mu yirwanya reta, igenzura bibiri vya gatatu vy’igihugu, yagiye hamwe hagati mu kwezi kwa cumi na kabiri igaba ibitero kuri reta ya Perezida Faustin Archange Touadera.

Urwo rugamba rwabo rwari rutumbereye kuburizamwo amatora, ariko yaruhiye kuba, Touadera yongera gutsinda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG