Uko wahagera

Umukuru w'Abarobeli ba Seleka muri Centrafrika Yarungitswe muri CPI


Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yavuze ko kuri uyu w’Imana ko Republika ya Centrafrika yayirungikiye umukomanda wo mu migwi irwanya reta, yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n’ivyo guhohotera ikiremwa muntu.

CPI yavuze ko Mahamat Said Abdel Kani, w’imyaka 50, yari arongoye urunani rw’imihari y’abarobeli ba Seleka, rurwiriyemwo abayisilamu, mu ntambara muri ico gihugu mu mwaka wa 2013.

Ubwo bwicanyi bwahuje umuhari Seleka n’utugwi tw’abanyagihugu birwanira ku gatwe kabo bagizwe ahanini n’abakristu, bashigikiye uwahoze ari perezida, Francois Bozize, biswe aba anti-Balaka.

CPI yavuze ko Said yatanzwe n’ubutegetsi bwa Centrafrika ku mutahe abashikirizamanza b’iyo sentare bamusohoreye mu 2019.

Akekwa kuba yarakoze ivyaha birimwo gufunga inzira karengane, kuboreza igufa abanyagihugu, kunyuruza abantu ubutakigaruka, n’ibindi vyaha bitokorerwa ikiremwa muntu.

Said vyitezwe ko ashika i La Haye mu Buholande ku cicaro ca CPI kuri uyu wa mbere, nkuko umuvugizi wayo yabivuze.

Ico gihugu cahoze musi y’ubukoloni bw’Ubufaransa, cinjiye mu ntambara mu mwaka w’2013, inyuma y’ikurwa ku butegetsi rya Bozize kandi gushika n’ubu amaraso y’abanyagihugu aracaseseka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG