Abasirikare ba reta ya Centrafrika hamwe n’ab’u Rwanda n’Uburusiya bayifashe mu mugongo mu rugamba, barigaruriye igisagara gikomeye cari mu minwe y’abarobeli.
Firmin Ngrebada, umushikiranganji wa mbere, yavuze kuri uyu wa gatatu ko igisagara ca Bossembele, kiri ku birometero hafi 150, mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Bangui, cafashwe ku musi wa kabiri.
Bossembele niho imihari y’abarobeli yiyungiye mu runani yise, “Coalition des Patriotes pour le Changement” CPC, igiye ku murwa mukuru mu kwezi kwa cumi na kabiri, kuburizamwo itorwa ubugira kabiri rya Perezida Faustin Archange Touadera.
Mu myaka umunani igihugu kimaze mu ntambara hagati y’abenegihugu, abarobeli bagenzura bibiri vya bitatu vy’igihugu. Ibi vyatumye igice kinini c’igihugu kititabira amatora yo kw’itariki ya 27 ukwezi kwa cumi na kabiri, aho Touadera yongeye gutorwa mu gice ca mbere.
Ariko abasirikare 12 000 bafise ibirwanisho bikomeye hamwe n’inteko za ONU, MINUSCA, barabujije urwo runani rw’abarobeli gushika ku murwa mukuru. Igisirikare ca reta cafashijwe n’abasirikare b’u Rwanda n’Uburusiya.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, kuri uyu wa gatatu, yasavye abategetsi ba Centrafrika gutanguza ibiganiro vya poritike birimwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’imihari yitwaje ibirwanisho itariko irarwana.
Facebook Forum