Uko wahagera

Cenfrafrika: Reta Yemeza ko Abasirikare Bayo Bishe Abarobeli 44


Reta ya Republika ya Centrafrika yavuze kuri uyu wa mbere ko abasirikare bayo bishe abagwanyi b’abarobeli 44 bari mu mugambi wo gukikuza bakagota umugwa mukuru Bangui, batumbereye kwirukana ku butegetsi Faustin Archange Touadera, aherutse kwongera gutorwa.

Mu butumwa yashize kuri Facebook yayo, reta yavuze ko yifashishije inteko z’Abanyarwanda n’Uburusiya zicuditse na yo mu rugamba, bagaba igitero mu mihana y’i Boyali, ku bilometero hafi 90 uva ku murwa mukuru. Nta basirikare bayo bapfuye, kandi 44 bapfuye barimwo abacangero bamuka muri Cadi, Sudani hamwe n’ubwoko bw’aba-Fulani, nkuko reta ibandanya ivuga.

Umuvugizi wa reta, Ange-Maxime Kazagui, yavuze ko reta yasubiye ku rugamba rwo gutuza umwansi, kandi ko yigaruriya agasagara ka Boda, kari ku bilometero 124 uva i Bangui, bafashijwemwo n’Uburusiya.

Centrafrika irimwo imihari indwi yitwaje ibirwanisho kandi ikomeye, igenzura bibiri vya bitatu vy’ubutaka bw’igihugu, mu myaka indwi intambara imaze. Mu kwezi kwa cumi na kabiri, iyo mihari yariyunze ishira inguvu hamwe, mu runani bise Coalition des Patriotes pour la Changement (CPC).

Kw’italiki ya 19 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, batangaje igitero i Bangui cari kigamije kubuza Perezida Touadera kwongera gutorwa. Ariko umurwa mukuru wari ukingiwe cane n’abasirikare bafise ibirwanisho bikomeye b’inteko za ONU za MINUSCA, abasirikare ba reta n’abasirikare b’Uburusiya n’u Rwanda.

Itangazo rya reta ry’uko yagavye igitero kandi cagenze neza, nta batagira aho begamiye barashobora kuvyemeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG