Uko wahagera

Amatohoza ya OMS Ntiyamenye Amamuko ya COVID-19


Abahinga ba OMS Bashitse mu gisagara ca Wuhan gotohoza amamuko y'umugera wa Covid-19
Abahinga ba OMS Bashitse mu gisagara ca Wuhan gotohoza amamuko y'umugera wa Covid-19

Amatohoza yari arindiranywe igishika ku mamuko y’umugera wa Covid-19 mu Bushinwa yarangiye kuri uyu wa kabiri ata kigaragara gitowe. Abashakashatsi ba OMS bemeza ko uwo mugera utavuye muri Laboratware ariko barananiwe kuvuga igikoko coba cawandukije umuntu.

Liang Wannian, arongoye umugwi w’Abashinwa bari muri abo bashakashatsi ba OMS avuga ko gushika ubu ntibigaragara igikoko ca mbere cawanduje umuntu.

Uwo mugwi wa OMS, Ubushinwa bwakunze gutevya, wari ufise ubwoba ko Ubushinwa bwahanaguye ibimenyetso, kandi Reta zunze ubumwe z’Amerika yasavye ko aya matohoza yokorwa mu buryo bwimbitse ku cateye uwo mugera mu mpera za 2019. Ubushinwa nabwo bwakunze kwagiriza Amerika ko igomba gukora amatohoza ku mvo za politike.

Aya matohoza ananiwe kumenya amamuko y’uwo mugera mu gihe umugera wa Covid-19 umaze kwica abarenga imiliyoni 2 n’ibihumbi 300 kw’isi.

Amasekeza yo gucandaga arabandanya yiyongera kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG