Uko wahagera

OMS Ibabajwe n'uko Ubushinwa Bukizibiye Itohoza kuri Covid-19


Umugwi w’abahinga ba OMS bariteguye kuja mu Bushinwa gutohoza ku mamuko y’umugera wa Covid-19, ariko ico gihugu ntikirabaha uburenganzira bw’impapuro zikenewe kugira binjiremwo.

Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze kuri uyu wa kabiri ko ababajwe n'uko Ubushinwa bukidindiza urugendo rw’abo bahinga.

OMS imaze amezi iriko irakora kugira irungike muri ico gihugu umugwi w’abahinga 10 mpuzamakungu, bagizwe n’abanonosoye indwara zandukira hamwe n’abahinga ku magara y’ibikoko. Bazoba bagiye gufasha kumenya aho uwo mugera waturutse n’ingene winjiye mu bantu. Ntibiradadanduka aho urwo rugendo ruzotangurira, ariko OMS ivuga ko yipfuza ko rwotangura mu ndwi za mbere z’uku kwezi.

Covid-19 watanguye kwigaragaza mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa mu mpera z’umwaka wa 2019, imbere yuko ukwirakwira kw’isi, aho umaze guhitana abantu barenga umuliyoni 1 n’ibihumbi 800.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG