Uko wahagera

USA n'Ubushinwa Baragirizanya Amamuko ya COVID-19


COVID-19

Ibigo bijejwe iperereza muri Reta zunze ubumwe z’Amerika vyemeza ko Ubushinwa bwafashije mu gutanga ubutumwa bw’ibinyoma bwavuga ko reta ya Trump yariko irategekanya guhagarika imirimo mu gihugu cose kugira barwanye ikwirakwira ry’ikiza ca Corona.

Ikinyamakuru The New York Times candikira muri Amerika canditse kivuga ko ubwo butumwa bwagaragaye ku matelefone y’abantu, no mu bundi buryo bwo guhanahana amakuru bwihuta. Bwavuga ko Donald Trump azokoresha igisirikare igihe abanyamerika boja mu mabarabara kwiyamiriza iyo ngingo.

Amerika n’Ubushinwa vyamye biterana amajambo y’intambara kuwukwiye kwagirizwa iki kiza ca Corona

Perezida Trump yama avuga ko COVID-19 ari igikoko caturutse mu Bushinwa, mu gihe abandi bategetsi b'Amerika bagirije Ubushinwa kuba butatanze amakuru y’ukuri kandi ku gihe kuva uwo mugera ugitangura kwigaragaza. Ubushinwa nabwo bwagirije mu kwezi guheze igisirikare c’Amerika kuba ari co catwaye uwo mugera mu gisagara ca Wuhan. Abategetsi b’Amerika ariko ibi barabihakanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG