Uko wahagera

Abahinga Vuba Baratangura Amatohoza ku Mamuko ya Covid-19


Bamwe mu Bahinga bazokora ayo matohoza
Bamwe mu Bahinga bazokora ayo matohoza

Abahinga b'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS barangije ikiringo co kwikumira c'imisi 14 mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa. Bagiye gutangura igikorwa cabo c'ugutohoza amamuko y'ikiza ca Covid-19.

Abo bahinga bari basabwe kwikumira mu kiringo c’imisi 14 inyuma y’uko bashitse mu Bushinwa. Ikibazo gikomeye kihari ni ukumenya aho abategetsi b’Ubushinwa bazorekurira abo bahinga kuja n’abo bazoshobora kuvugisha.

Keiji Fukuda, yahoze ari umutegetsi mw’ishirahamwe OMS, yagabishije, avuga ko bishobora kuzofata imyaka itari mike imbere y’uko amamuko y’umugera wa Covid-19 ashobora kumenyekana neza. Yibukije ko ikiringo kirenga umwaka kirangiye ikiza ca Covid-19 gitanguye. Ivy’uko abahinga b’ishirahamwe OMS bazorekurirwa kuva mu gisagara ca Wuhan ntivyatangajwe.

Umwe mu bibonwa ko ari inkomoko y’umugera wa Covid-19 n’ubuhungarema buba mu binogo biri mu kuzimu mu ntara ya Yunnan, hafi y’ibilometero 1,600 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Wuhan. Ico gikorwa c’abahinga b’ishirahamwe OMS kibaye inyuma y’ibiganiro bitari vyoroshe na gato n’abategetsi b’Ubushinwa.

Bararwanije bikomeye itohoza ryigenga badashobora gukwirikirana. Bagerageje gutuma haba amazinda ku vy’uko niba umugera wa Corona wanatanguriye mu gihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG