Uko wahagera

Amatohoza ku Cateye Covid-19 Yatanguye


Abahinga ba ONU bagiye gutohoza ku Mamuko ya Covid-19 mu Bushinwa

Abahinga b'ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, bagendeye uno musi ku wa gatanu ibitaro vyavuye abantu ba mbere banduye umugera wa Covid-19 mu gisagara ca Wuhan mu gihugu c'Ubushinwa.

Urugendo muri ivyo bitero rwabaye urwa mbere abo bahinga bagize inyuma yuko bikumiye mu kiringo c’indwi zibiri. Umuvugizi w’ishirahamwe OMS, Margaret Harris, avuga ko igikorwa cabo mu gisagara ca Wuhan kizokwisunga ingendo ziteguwe n’abategetsi b’Ubushinwa kubera ingingo zafashwe ku bijanye n’ukurwanya ikiza ca Covid-19.

Amenyesha ko bazovugana gusa n’abantu batandukanye babonwa ko bafise ico baterera mw’itohoza ku mamuko y’umugera wa Covid-19. Zhang Jixian, umuyobozi w’ibitaro abahinga b’ishirahamwe OMS bagendeye uno musi ku wa gatanu avurwa ko ari we wa mbere yatangaje izina rya virus ya Corona inyuma yuko avuye umugore n’umugabo bageze mu za bukuru mu mpera z’umwaka w’i 2019.

Abo bahinga ba OMS babonanye n’abaganga hamwe n’abakozi bo muri ivyo bitaro bavuye abantu ba mbere barwaye bivuye ku mugera wa Covid-19. Bavuganye ibitari bike ku vyerekeye akazi kabo.

Bitegekanijwe ko bagendera ibigo vy’ugupimiramwo imiti n’incandago, amasoko n’ibitaro mu kiringo c’indwi zibiri basigaje mu gisagara ca Wuhan, aho umugera wa Corona watowe ubwa mbere mu mpera z’umwaka w’i 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG