Uko wahagera

Abashingwamanza ba Bobi Wine, Basaba ko Arekurwa Akidegemvya


Umushingwamanza, Medard Ssegona, ahagarariye Bobi Wine, muri sentare i Kampala, Uganda, kw'italiki ya 21/01/2021.
Umushingwamanza, Medard Ssegona, ahagarariye Bobi Wine, muri sentare i Kampala, Uganda, kw'italiki ya 21/01/2021.

Abashingwamanza bahagarariye uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda, Robert Kyagulanyi, azwi kw’izina rya Bobi Wine, basavye sentare gutegeka irekurwa ryiwe, amaze ikiringo c’indwi acungishijwe ic’amaso mu rugo iwe.

Abajejwe umutekano mu gihugu barabujije umuntu wese kwinjira canke gusohoka inzu ya Bobi Wine kuva avuze ko amatora yabaye mu ndwi iheze yabayemwo ubusuma. Abashikirizamanza b’igihugu bavuga ko abo mu muryango wa Bobi Wine bo bashobora kwinjira no gusohoka uko bavyipfuza kandi ko kumufunga kwabaye ukumukingira. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abaharanira agateka ka muntu bo ntibamvyumva uko, bavuga ko ari amayeli ya reta yo kumucecekesha.

Abashikirizamanza bitwaje ibirego vy’umugenduzi mukuru w’igiporisi, birimwo ivyaha yakoze hamwe n’ivyo yokora arekuwe.

Abategetsi bisigura bavuga ko bariko barakinga kugira intureka zabaye mu kwezi kwa cumi na kumwe zahitanye abantu 56 ntizisubire.

Kuva haba amatora, Bobi Wine n’umutambukanyi wiwe, Barbara Itungo, barabujijwe kubonana n’imiryango yabo, ababafashisha amafaranga na ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Natalie Brown, yazibiwe ku musi wa mbere abuzwa kumubona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG