Uko wahagera

Uganda: Polisi Yongeye Gufata Bobi Wine Utavuga Rumwe na Leta


Bobi Wine niwe abonwa ko ariwe munyapolitike atavuga rumwe na reta azohangana bikomeye na Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni

Umunyapolitike atavuga rumwe na Reta ya Uganda, Bobi Wine avuga ko we n’abajejwe igikorwa ciwe c'ukwiyamamaza bahagaritswe uno musi ku wa gatatu mu ntara iri hagati mu gihugu.

Nta bindi birenga aho vyatangajwe kw’ihagarikwa ryabo buno nyene. Muri iyo nkuru yatangarijwe ku rubuga rwiwe Twitter, yamenyesheje ko bahagaritswe bari mu ntara ya Kalangala iri hagati mu gihugu.

Joel Senyonyi, umuvugizi w’umugambwe wa Bobi Wine, National Unity Platform, yavuze ko inkuru y'uko igiporisi camuhagaritse n’abandi bose bari kumwe mu gikorwa c’ukwiyamamaza ari iy’ukuri. Amenyesha ko igiporisi cabashize mu makamyo kibatwara iyo batazi.

Umuvugizi w’igiporisi, Fred Enanga ntiyashoboye kuboneka buno nyene kugira agire ico abivuzeko.

Bobi Wine ni we abonwa ko ari we munyapolitike atavuga rumwe na reta azohangana bikomeye na perezida wa Uganda, Yoweri Museveni afise imyaka 76 muri iki gihe, mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba kw’itariki 14 y’ukwezi kwa mbere mu mwaka buca utangura w’i 2021.

Mu kwezi kw’icumi na rimwe, abantu 54 barapfuye mu myiyerekano yadutse inyuma y'uko Bobi Wine apfunzwe mu kiringo gitoyi ku vyagirizo ko yarenze ku mategeko ajejwe kurwanya ikwiragira ry’ikiza c’umugera wa Covid-19.

Igipolisi catangaje ko cahagaritse abantu bagera ku 600. Cagirije abari mu myiyerekano ko bagumutse bongera barasahura.

Ejo ku musi wa kabiri, abahinga mu vyerekeye agateka ka muntu b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU barasavye abategetsi ba Uganda gukuraho ivyagirizo vyose begetse ku banyapolitike batavuga rumwe na reta hamwe n’abaharanira agateka ka muntu na demokrasi bahagaritswe muvyo bavuga ko ari ikandamizwa ririko rikorwa imbere y’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG