Uko wahagera

Uganda: Bobi Wine Arahiga Kwitarira Perezida Museveni muri CPI


kandida mu matora y'umukuru w'igihugu, Robert Kyagulanyi, atwawe n'igiporisi, muri Distrikte ya Luuka mu buseruko bwa Uganda, kw'italiki ya 18/11/2020
kandida mu matora y'umukuru w'igihugu, Robert Kyagulanyi, atwawe n'igiporisi, muri Distrikte ya Luuka mu buseruko bwa Uganda, kw'italiki ya 18/11/2020

Umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi muri Uganda, Robert Kyagulanyi, atazirwa Bobi Wine yavuze ejo kuwa kane ko ashobora gusaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha igahana ivyaha vy’ubwicanyi, kuboreza igufa hamwe n’ibindi vyaha vyakorewe mu gihugu ciwe.

Uwo muririmvyi w’imyaka 38, ni we munyapolitike akomeye mu bazohangana n’umukambwe Perezida Yoweri Museveni, w’imyaka 76, mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri uku kwezi kwa mbere itariki 14.

Bobi Wine yahagaritswe aranakubagurwa akatari gake yagiriza perezida Museveni hamwe n’abandi bategetsi icenda mu bajejwe umutekano kuba baramuhohoteye ubwiwe, abanywanyi biwe hamwe n’abo muri sosiyete civile.

Ariko CPI mu kwezi guheze yaratesheje agaciro ibirego yaronse vy’abantu 150 bishwe n’igiporisi ca Uganda mu kwezi kwa cumi na kumwe mu 2016 mu ntara ya Kasese iri mu burengero bw’igihugu. Yishimikije ko bitari ku rugero vyo kwitwa ivyaha vy’agahomerabunwa bihohotera ikiremwa muntu.

Bobi Wine yidogera amakungu kuba ataco akora kugira akingire abanyagihugu ba Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG