Uko wahagera

Uganda: Abantu 3 Bishwe Inyuma y'Ihagarikwa rya Bobi Wine


Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine, atwawe n'igiporisi i Luuka, mu buseruko bwa Uganda, kw'itariki 18/11/2020.

Igiporisi ca Uganda kivuga ko abantu batatu bishwe mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’abajejwe umutekano hamwe n’abakora imyiyerekano kuri uyu wa gatatu. Ni inyuma y’ihagarikwa ry’umunyapolitike akaba n’umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu Robert Kyagulanyi azwi ku izina ry'uburirimvyi nka Bobi Wine.

Umuvugizi w’igiporisi Fred Enanga yabwiye itangazamakuru ko abantu 34 bakomeretse ku murwa mukuru Kampala igihe igiporisi casuka ivyuka bikoroza amosozi mu bari muri iyo myiyerekano.

Ishirahamwe rutabara imbabare, Croix Rouge muri Uganda ryavuze ko ryavuye abantu barenga 30 i Kampala inyuma y’urwo ruhagarara, harimwo n’abakomerekejwe n’amasasu.

Komanda w’igiporisi i Kampala Moses Kafeero yavuze kuri uyu wa gatatu ko Bobi Wine, ahiganirwa umwanya w’umukuru w’igihugu yo mu 2021 na Perezida Yoweri Museveni, yahagaritswe kubera yarenze ku mategeko yo kurwanya ikwirakwira rya COVID-19 mu bikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza.

Ihagarikwa ryiwe ryateye imyiyerekano ku murwa mukuru Kampala no mu bindi bisagara, aho abayoboke biwe baturiye amapine mu mabarabara kandi batera amabuye igiporisi, naco civuna mu kubatera ivyuka bikoroza amosozi n’amasasu atica.

Kuva aho atangarije ko azohiganwa na Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986, Wine yama yahohotewe n’igiporisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG