Uko wahagera

Uganda: Iterabwoba Kubatavuga Rumwe na Reta Imbere y'Amatora.


Abapirisi bakikuja imodokari y'umuyepolitike Robert Kyagulanyi, azwi kw'isina rya Bobi Wine.
Abapirisi bakikuja imodokari y'umuyepolitike Robert Kyagulanyi, azwi kw'isina rya Bobi Wine.

Abaporisi muri Uganda kuri uyu wa gatatu aboze umusako ku biro vy’umugambwe National Unity Platform, utavuga rumwe n’ubutegetsi, w’umunyepolitike Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine. Wine avuga ko abaporisi bamutwaye impapuro z’umugambwe, na za Camera kuco yise iterabwoba imbere y’amatora yo mu mwaka uza. Igiporisi ca Uganda kivuga ko cariko kirondera abakoresha impunzu z’igisirikare mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Mu rwandiko cashize ahabona, umuvugizi w’igiporisi, Enanga Fred, avuga ko igiporisi kiriko kirondera amashirahamwe yose akora bitisunze amategeko, abacuruzi, abatanga ibicuruza hamwe n’abambara impunzi z’igisirikare batavyemerewe.

Igiporisi ntaco kiravuga kuvyo cagirizwa ko catwaye impapuro z’umugambwe, zerekeye amatora muri ivyo bikorwa vyaco.

Umuganda asesengura ivya politike, Anna Mary Nanfuka, avuga ko gutera ibiro vy’uwo mugambwe bizotuma wamamara, hanyuma Perezida Yoweri Museveni akagira isanamu mbi

Abakandida barondera kwitoreza ubushingamateka muri Uganda bafise kuva kuri uyu wa kane ngo batangure gutanga amafaranga yose akenewe kurihwa kuri komisiyo y’amatora kugira bahabwe uburenganzira bwo kuzokwitoza.

Ntibiramenyekana uko abakandida b’uwo mugambwe National Unity Platform bazotanga impapuro basabwa mu gihe igiporisi coba cazitwaye.

Uganda ija mu matora mu ntango z’umwaka uza gutora abashingamateka bashasha na perezida. Bobi Wine vyitezwe ko azohiganwa na Perezida Museveni, amaze imyaka 34 atwara Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG