Uko wahagera

Polisi ya Uganda Yasatse Ibiro vya Bobi Wine Abakozi Barakomereka


Bobi Wine Atavuga Rumwe n'Ubutegetsi bwa Uganda
Bobi Wine Atavuga Rumwe n'Ubutegetsi bwa Uganda

Polisi ya Uganda yazindutse irasaka ibiro vy'umunyepolitike, Bobi Wine, atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'ico gihugu.

Umushingamateka Bobi Wine yemeje aya makuru abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ko abapolisi bamusatse bagiye batwaye bimwe mu bikoresho birimwo inyandiko yise z’agaciro. Bamwe mu bakorera muri ivyo biro bakomeretse, naho Bobi Wine atatomoye bangahe, n’uburyo bakomerekeyemwo.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bateye ivyatsi ingendo ya polisi bavuga ko ari umugambi w’iterabwoba begetse kuri reta.

Kuva Bobi Wine yatangaza ko ashaka kwiyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, mu ntumbero yo guhindura ubutegetsi bwa Prezida Kaguta Yoweri Museveni amaze imyaka 34 aramutswa Uganda ntiyorohewe: We co kimwe n’abayoboke biwe bamaze guhohoterwa no gutabwa mu mvuto akatari gake, amakoraniro yiwe nayo akunze kuburizwamwo.

Amatora rusangi muri Uganda ategekanijwe mu kwezi kwa kabiri k’umwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG