Uko wahagera

Uganda: Bobi Wine na Besigye Baranegura Reta mu Kurwanya COVID19


Umucuraranzi akaba n'umunyepolitike, Robert Kyagulanyi, azwi nka Bobi Wine hamwe na Kizza Besigye bari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kampala, kw'itariki 15/06/2020.
Umucuraranzi akaba n'umunyepolitike, Robert Kyagulanyi, azwi nka Bobi Wine hamwe na Kizza Besigye bari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kampala, kw'itariki 15/06/2020.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakomeye muri Uganda, Robert Kyagulanyi, azwi kw’izina rya Bobi Wine na Kizza Besigye batangaje kuri uyu wa mbere ko bashize inguvu hamwe mu myiyerekano igamije kugaragaza imikorere mibi ya reta ya Perezida Yoweri Museveni.

Bahamagarira abanyagihugu mu myiyerekano kuri uyu wa kabiri yiyamiriza ico bise ukwitwara nabi kwa reta mu kurwanya ikiza ca corona.

Icegera c’umuvugizi wa reta, yaragabishije ko abazoja mu mabarabara bose bazoba barenze ku mategeko.

Izo ndongozi zibiri zitavuga rumwe na reta zivuga ko abategetsi bashize hasi ubutunzi bw’igihugu, bakoresha nabi amafaranga y’igihugu, bashira amamiliyoni y’abaganda mu bukene mu kubugaranira mu mazu.

Uku kwifatanya hagati ya Wine na Besigye kuje mu gihe hasigaye amezi adashika umunani ngo Uganda gitunganye amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG