Uko wahagera

Bobi Wine Atavuga Rumwe na Reta ya Uganda Yashinze Umugambwe


Bobi Wine, umunyepolitike akomeye mu batavuga rumwe na Reta ya Uganda yatangujye igikorwa c'ukwitegurira amatora y'umukuru w'igihugu muri Uganda mu gushinga umugambwe wiwe mushasha.

Uwo mugambwe yawise, “National Unity Platform” imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu. Yizeye ko azoserukira urunani rw’abatavuga rumwe na Reta.

Bobi Wine, ni umucuraranzi azwi cane akongera akaba n’umushingamateka. Izina ryiwe ry’ukuri ni Kyagulanyi Ssentamu. Ayoboye umuhari wa politike, “People Power” wahurumbiwe n’abanyayuganda batari bake. Usaba Prezida Yoweri Museveni kuva ku butegetsi agafata akaruhuko ko mu za bukuru.

Yarahagaritswe yongera aratabwa mu mvuto incuro zitari nke, harimwo ivyagirizo vy’ubuhemu ahakana. Mu gihe amakoraniro aziririjwe muri iki gihe, abarondera guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu bategerezwa guhangana n’inteko zijejwe umutekano zirondera gushwiragiza abari mu makoraniro y’ukwiyamiriza Reta.

Prezida Museveni yagiriza Bobi Wine n’abandi banyapolitike batavuga rumwe na Reta ko bakokeza abakiri bato kugira imigumuko. Yamara arabihakana mu kuvuga ko ata bwicanyi n’uruhagarara bakora kandi ko ata migambi bafise y’ugushiraho ishami rya gisirikare ry’umuhari wabo.

Amenyesha ko ico bariko bakora muri iki gihe ari ugutanguza ishami rya politike ry’umuhari wabo. Ivyo mu ntumbero y’ugukoresha amatora nk’uburyo bw’uguhabuza abanyayuganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG