Uko wahagera

Uganda: Bobi Wine Atavuga Rumwe n'Ubutegetsi Atabariza Abanywanyi Biwe


Igipolisi ca Uganda cataye mu mvuto Francis Zaake, umwe mu bashigikiye Bobi Wine yatawe mu mvuto kw’italiki 19 z’uku kwezi kwa kane. Kimwagiriza ko yakoze ibintu bishobora gukwiragiza umugera wa Corona.

Abamushigikiye bavuga ko yahagaritswe inyuma yuko ahaye ibifungurwa abanyagihugu i muhira iwe. Ivyo mu kigoro k’ugufasha guhangana n’ingaruka z’ikiza c’umugera wa Corona.

Francis Zaake kuva ico gihe yapfungiwe mu bice bitandukanye.

Bobi Wine yabwiye abamenyeshamakuru ko Zaake yafashwe bunyamaswa muri ico bice yapfungiwemwo. Atangaza ko adashobora kubona muri iki gihe kubera ibintu igipolisi camumije mu maso.

Zaake yajanywe muri sentare ku musi wa mbere w’iyi ndwi ari mu nderuzo. Sentare yategetse ko arungikwa mu bitaro kugira abanze kuvurwa imbere y’ukumwagiriza icaha.

Umuvugizi Patrick Onyango yarahakanye ko Zaake yafashwe bunyamaswa.

Kuva igihagararo ca Bobi Wine ciyongeye mu batavuga rumwe na prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yagirije Reta yiwe ko imutoteza hamwe n’abamushigikiye. Atangaza ko abitavye amakoraniro yiwe kenshi bashwiragizwa n’igipolisi gikoresheje imyuka ibabaza mu maso canke mu kubakubita hamwe n’ukubata mu mvuto.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG