Uko wahagera

Bobi Ahanganye na museveni Avuga ko Abasirikare Binjiye Iwe


Bobi Wine

Umunyapolitike atavuga rumwe na Reta ya Uganda, Bobi Wine avuga ko abasirikare binjiye i muhira iwe. Iyo nkuru yayitangaje ku rubuga Twitter amasaha makeyi inyuma yuko amenyesheje ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ejo ku musi wa kane yibwe, kandi ko uburyo bwose bwemewe n’amategeko buriko bushobora gukoreshwa mu ntumbero y’ukurwanya ivyavuye mu matora harimwo imyiyerekano irangwa n’amahoro.

Yavuze ko ari we muprezida yatowe. Avuga ko ibiriko bitangazwa vyose ku matora yabaye ejo ku musi wa kane bitagira ishingiro. Amenyesha ko ata nkeka batsinze Museveni avuga ko ari umutegetsi atwaza agahotoro.

Yavuze ko azotanga ivyemezo vyerekeye ubusuma n’utundi tunenge vyibonekeje mu matora y’ejo ku musi wa kane, niyo internet yasubira, yugawe umusi w’imbere y’amatora, yasubira kwugururwa mu gihugu.

Ivyatangajwe n’urwego rujejwe amatora rwatangaje uno musi ku wa gatanu ko Yoweri Musevni yari imbere ya Bobi Wine bifatiye ku biharuro vya mbere vyavuye mu matora biturutse mu ca gatatu c’ibibanza vy’amatora.

Museveni avurwa ko yaronse ibice 65 kw’ijana vy’amajwi mu gihe Bobi Wine afise ibice 27 kw’ijana. Abakandioda barashobora kwitwarira ivyavuye mu matora muri sentare nkuru y’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG