Uko wahagera

Kompanyi Boeing Yemeye Kuriha Ihadabu ku Masanganya ya Max 737


Indege za Boeing 737 MAX i Moses Lake, muri reta ya Washington. Isanamu Yafashwe kw'italiki ya 17/11/2020
Indege za Boeing 737 MAX i Moses Lake, muri reta ya Washington. Isanamu Yafashwe kw'italiki ya 17/11/2020

Ikompanyi Boeing yo muri Reta zunze ubumwe z'Amerika ikora indege yemeye kuzoriha ihadabu y’imiliyaridi 2 n’imiliyoni 500 z’amadolari, indishi ku caha cayagiriye ku ndege yayo yo mu bwoko bwa Max 737.

Ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe ubutungane bwatangaje uyu mwumvikano kuri uyu wa kane, inyuma y’imyaka indege zayo zibiri zikorotse, zihitana abantu bari bazirimwo 346. Boeing yemeye kuriha amafaranga imiryango y’abapfuye, abakiriya bayo hamwe n’amakompanyi yazikoresha, ikariha n’amande abiherekeza.

Indege ya Max 737 yatanguye kuja mu kirere mu 2017. Isanganya rya mbere ryabaye mu kwezi kwa 10 muri Indoneziya, irya kabiri riba inyuma y’amezi atanu muri Etiyopiya. Muri ayo masanganya abiri, Boeing yagirizwa kuba yafashe minenerwe ibibazo vy’ubuhinga bw’ivyuma bw’iyo ndege.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG