Uko wahagera

USA: Insanganya za Boeing Zatewe n'Amakosa y'Iyo Kompanyi na FAA


Bamwe mu Baburiye Ababo mu Nsanganya y'Indege ya Etiyopiya Yakozwe na Kompanyi ya Boeing
Bamwe mu Baburiye Ababo mu Nsanganya y'Indege ya Etiyopiya Yakozwe na Kompanyi ya Boeing

Icegeranyo c'inama nshingamateka ya Amerika gishira amakosa kuri sosiyete ikora indege ya Amerika, Boeing n'urwego rwa Reta rugenga indege z'igisivile, "Federal Aviation Administration", FAA mu mfpunyapfunyo ku bijanye n'impanuka z'indege 2 za Boeing 737 MAX .

Isanganya ry’izo ndege 2 zo mu bwoko bwa Boeing 737 MAX ryahitanye abantu 346 bari murizo. Icegeranyo c’umurwi w’inama nshingamateka ya Amerika inyuma y’ameze 18 y’itohoza, cagiye ahabona uno musi ku wa gatatu.

Uwo murwi uvuga ko vyatewe n’amakosa akomeye atari make y’isosiyete Boeing, arimwo ukudakorera mu muco hamwe n’amakosa y’urwego FAA kubera rutakwirikiranye neza ibisabwa ku bijanye n’indege z’igisivile.

Indege zo mu bwoko bwa Boeing 737 MAX zarahagaritswe mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2019 inyuma y’impanuka y’imwe mu bwoko bw’izo ndege y’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu mu gihugu ca Etiyopiya yabereye hafi y’umurwa mukuru, Addis Abeba. Yahitanye abantu 157 bari muriyo.

Mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2018, iyindi ndege yo mu bwoko bwa Boeing 737 MAX yaragize isanganya mu gihugu ca Indoneziya ihitana abantu bose uko ari 189 bari muriyo. Isosiyete Boeing imenyesha ko yakuye ivyirwa bikomeye muri ayo masanganya abiri yabaye no ku makosa yakoze.

Urwego rw’igihugu rugenga indege z’igisivile muri Amerika, FAA, rumenyesha ko ruzokorana n’abashingamateka mu ntumbero y’ugushira mu ngiro ivyasabwe kugira rukore neza kurushiriza mu cegeranyo cashikirijwe

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG