Uko wahagera

USA Isaba Reta ya Etiyopiya Gusonera Agateka k'Abo muri Tigre


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo kuri uyu wa mbere yasavye umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed kurangiza imigwano, agaragaza amakenga mu gihe ibitero vya gisirikare bisatira inteko z’intara ya Tigre.

Pompeo mu kiganiro yagiranye na Abiy kuri telephone yasavye irangira ry’intambara no gutangura ibiganiro kugira urwo ruhagarara rurangira, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Pompeo yasavye ko abasivile bakingirwa ubwicanyi kandi asaba reta ya Etiyopiya kwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu bo mu ntara ya Tigre n’amoko yose.

Aka kamo kuri telephone kabaye inyuma y’aho Abiy avuze ko abategetsi b’intara ya Tigre bahungiye mu burengero bw'umurwa mukuru w’iyo ntara inyuma y’ikiringo c’indwi c’imirwano Abiy yavuze ko yatsinze.

Etiyopiya ni igihugu gifitaniye ubucuti bukomeye na Reta zunze ubumwe za Amerika ariko amakenga y'Amerika yabandanije yiyongera inyuma y’urupfu rw’abantu ibihumbi hamwe n’ibindi bihumbi bahungiye muri Sudani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG