Abakozi bakorera amashirahamwe y’abagiraneza bavuze kuri uyu w’Imana ko ibitaro vy’i Mekelle, ku murwa mukuru w’intara ya Tigre muri Etiyopiya vyakehaniwe ibikoresho vyo kuvura abakomerekejwe n’intambara. Bishikirijwe inyuma y’umusi umwe umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya atangaje instinzi muri iyo ntara kandi n’igisirikare kivuze ko kigenzura ako karere.
Umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, yavuze ku musi wa gatandatu ko umurwa mukuru Mekelle wafashwe inyuma yo guha inteko z’umugambwe TPLF, amasaha 72 ngo zizobe zishikanye kuri reta.
Abiy yatangaje igitero ca gisirikare kuri reta y’intara ya Tigre kw’italiki 4 z’ukwezi kwa cumi na kumwe, avuga ko ari ukwihora ku gitero c’inteko za Tigre ku kambi y’abasirikare ba reta nkuru.
Abategetsi ntibaremeza nimba hari abasize ubuzima muri ico gitero co kuwa gatandatu, ariko ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare Croix Rouge ryavuze ko ibitaro vy’i Mekelle bikenye ibisaho vyo gutekeramwo abapfuye.
Facebook Forum