Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Bishasha Amabanki 18 muri Irani


Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika cafashe ibihano bishasha ku mabanki 18 akomeye muri Irani, mu ntumbero yo gusatira ico gihugu mu kugikumira mu rudandazwa rw’amafaranga ku rwego mpuzamakungu no kukiburabuza mu mugambi waco w’ibirwanisho vya Nikleyeli.

Umushikiranganji w’ikigega ca reta, Steven Mnuchin yavuze ko ayo mabanki 18 yahanywe kuko yaciye kubiri n’ibihano Amerika yafatiye Irani.
Amakuru yashikirijwe n’uwo mushikirangaji, avuga ko ibi bihano bishasha bizofasha kuzibira iminyuro y’amafaranga reta ikoresha harimwo n’ayafasha muri porogaramu ya Nikleyeli, ibisasu vya misile, iterabwoba hamwe n’igihagararo ico gihugu gifise mu karere.

Mnuchin ariko yavuze ko ibi bihano bidafata amafaranga y’abagiraneza aja gufasha abanyagihugu ba Irani.
Ikinyamakuru Bloomberg co muri Amerika, canditse kivuga ko ibi bihano cane cane bikura Irani ku rubuga rw’amafaranga kw’isi.

Ubutunzi bwa Irani bwari busanzwe bugoyagoya kubera ibihano Amerika yafashe kuva aho iviriye mu masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015.

Ikinyamakuru Bloomberg gishika kure mu kuvuga ko abantu bazi intumbero y’ibihano bavuga ko bifise imvo zibiri: Iya mbere ni kwugara amavomo yose reta ya Irani yacishamwo amafaranga, iya kabiri ni gutuma bigorana ko Amerika izosubira mu masezerano ya Nikleyeli igihe umudemokrate Joe Biden yotsinda amatora.

Mu kwezi kwa gatandatu, perezida wa Irani, Hassan Rouhani yavuze ko igihugu kiri mu bihe bikomeye bitewe n’ibihano hamwe n’ikiza ca Covid-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG