Uko wahagera

Kugumizaho Ibihano kuri Irani Ntivyukanwako Kumwe muri ONU


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo

Perezida w’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano yavuze kuri uyu wa kabiri ko atamwumvikano uraboneka ku kugumizaho ibihano kuri Irani mu bihugu 15 bigize ako kanama kandi ko ata ngingo kuvyasabwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika iriko irafatwa.

Perezida w’ako kanama, umunyaIndoneziya, ambasaderi Dian Triansyah Djani, yavuze ko atari ku ruhande rwo kugira aho ahagaze.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji w’Amerika w’imigenderanire, Mike Pompeo yagiye i New York gusaba ko ibihano amakungu yafatiye Irani ikiringo cavyo kizohera mu kwezi kw’icumi bigumizwaho.

Reta ya The Trump yiyemeje kugumizaho ibihano ku birwanisho kuri Irani, hamwe n’ibindi bihano.

Ambasaderi wa Amerika muri ONU, Kelly Craft yavuze kuri uyu wa kabiri ko ababajwe nuko hari ibihugu bigize ako kanama batakaje inzira ubu bakaba biyemeje gushigikira iterabwoba.

Mu masezerano ya Nikleyeli, ibihugu vyayasinye ari vyo Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Uburusiya, Amerika n’Ubwongereza vyemeye kuza biragabanya ivyo bihano ariko Irani ikemera guhagarika umugambi wa Nikleyeli.

Ambasaderi w’Uburusiya, Vassily Nebenzia, yavuze ko yizeye ko ingingo ya perezida w’ako kanama ishobora guhagarika ico kibazo kandi Amerika izohagarika iyo nzira igomba gukurikira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG