Uko wahagera

Uburusiya Ntiburota Bwemera Ibihano vy'Amerika kuri Irani


umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu wa Irani, Sergei Lavrov, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Uburusiya kuri uyu wa kane bwiyamirije iterabwoba ry’ibihano vya Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri Irani no kugerageza gukumira ico gihugu. Bwavuze ko bwiteguye guhanahana ibidandazwa na Irani igihe ikiringo c’ibihano vyo kutagura ibirwanisho vyafatiwe Irani kizorangira mu kwezi kuza.

Ibihano vyo kutagura ibirwanisho kuri Irani bizorangira kw’itariki 18 z’uku kwezi kwa cumi, mu gihe Reta zunze ubumwe z’Amerika itabashije kugondoza ibindi bihugu muri ONU kugira ivyo bihano bigumizweho.

Reta ya Perezida Donald Trump ivuga ko yafashe ingingo yo kugumizaho ibihano vyose vyafatiwe Irani vyahagaritswe igihe haba amasezerano ya Nikleyeli mu 2015.

Amerika yavuze ko iriko irarondera ingene yobuza kandi Irani kugura ibiduga vy’intambara vy’Ubushinwa hamwe n’ibikoresho bikorwa n’Uburusiya vyo kwikingira ibitero vy’indege.

Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Sergei Lavrov, yabwiye mugenzi we wa Irani, Mohammad Javad Zarif, ko iterabwoba rya Amerika riteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Perezida Trump yakuye Amerika mu masezerano ya Irani mu 2018, ariko iyo ngingo ntiyahimbaye ibindi bihugu rutura kw’isi bicuditse, cane cane ivya Bulaya. Ariko reta yiwe yemeza ko ikiri muri ayo masezerano nk’indorerezi kandi ishobora gufata ibihano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG