Uko wahagera

USA: Abadepite Bemeje ko Trump Yakoresheje Nabi Perezidansi


Inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika yatoye yongera iremeza ko Perezida Donald Trump akurwa ku butegetsi. Yagirijwe n’inama nshingamateka yiganjemwo abademokrate kuri uyu wa gatatu ku birego bibiri: Ico gukoresha umwanya w’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite n’ico kubangamira imikorere y’abashingamateka.

Ni inyuma y’impari zatanguye mu gitondo saa tatu i Washington (saa kumi i Bujumbura n’i Kigali). Vyari bitegekanijwe ko izi mpari zimara amasaha atandatu, imbere y’iryo tora ariko zamaze amasaha arenga cumi n’imwe.

Umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi mu kwugurura izo mpari, yabwiye abashingamateka ko kubona Trump yarasavye Ukraine gutohoza kuri Joe Biden, umudemokrate bashobora kuzohiganwa mu matora yo mu 2020, akongera akaburizamwo amatohoza y’abashingamateka, ata kindi cokorwa atari kubandanya umugambi wo kumukura ku butegetsi.

Kubwo abademokrate, ari bo biganje mu nama nshingamateka, vyari vyitezwe ko ata kundi bigenda, Trump aba umuperezida agira gatatu yemejwe gukurwa ku butegetsi n’abashingamateka mu myaka 243 igihugu kimaze.

Ariko ntibirahera, Trump agiye kuzoburanishwa muri Sena y’Amerika yiganjemwo abarepublikani. Kwagirizwa ivyaha no gukurwa ku butegetsi na Sena bisa n’ibititezwe, ku bwo ubwinshi bw’Abarepublikani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG