Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, umukuru w’umugwi w’abarepublikani muri Sena, Mitch McConnell ejo kuwa kabiri yaranse ivyasabwe na mugenzi we arongoye abademokrate muri Sena, Chuck Schumer.
Schumer yasavye abafasha bakomeye ba Perezida Donald Trump ko bazokwitaba mu kwezi kwa mbere gushikiriza ivyo bazi mu mburano ku vyaha Trump yagirizwa.
Schumer yashikirije ko Sena ibwirizwa kwumviriza abategetsi bane bo muri reta ya Trump. Barimwo umunyamabanga mukuru mu biro vya perezida, Mick Mulvaney hamwe n’uwahoze ari umuhanuzi wa perezida ku bibazo vy’umutekano.
Adabemokrate bavuga ko abo bategetsi bazi vyinshi mu twigoro twa Trump two gusaba Ukraine gutohoza ku mukeba wiwe muri politike, Joe Biden, bashobora kuzohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.
Inama nshingamateka yiganjemwo abademokrate, itegekanya kuri uyu wa gatatu gutora ikemeza canke igahakana ivyaha bibiri nyamukuru perezida Trump yagirizwa kuba yararenze kandi bishobora gutuma ava ku butegetsi.
Facebook Forum