Uko wahagera

Abimukira 62 Barapfuye mw'Ibahari Atlantike


Abimukira batabawe ku nkengera za Libiya kw'italiki 18/10/2019.
Abimukira batabawe ku nkengera za Libiya kw'italiki 18/10/2019.

Abantu bashika 62 barimwo n’abana barapfuye, igihe ubwato bwarimwo abimukira barenga 150 bwazama mw’ibahari Atlantike ku nkengera za Mauritania, nkuko ikigo ca ONU kijejwe impunzi n'abimukira, OIM cabishikirije kuri uyu wa kane.

OIM rishikiriza ko 83 barokotse kuko bashoboye kwoga bashika ku musenyi, inyuma y’aho ubwato barimwo busekeye urutare rw'ibuye mu mazi ku musi wa gatatu.

Abo bimukira bariko bagerageza kwinjira muri Espanye mu mpisho, bavuye i Banjul muri Gambia, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Mauritania w’intwaro yo mu gihugu hagati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG