Uko wahagera

Ubutaliyano na Libiya Basezeranye Kuzibira Abimukira


Abimukira bicaye haruhande y'ubwato mu gisagara ca Khoms, ku bilometero 120 mu buseruko bwa Tripoli, muri Libiya, Oct. 1, 2019.
Abimukira bicaye haruhande y'ubwato mu gisagara ca Khoms, ku bilometero 120 mu buseruko bwa Tripoli, muri Libiya, Oct. 1, 2019.

Igihugu c’Ubutaliyano canaguye amasezerano casinye na Libiya mu 2017 agamije kuzibira abimukira bagerageza kuva mu buraruko bwa Afrika, nkuko vyashikirijwe na reta.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Luigi di Maio yabwiye inama nshingamateka ku musi wa gatatu ko ayo masezerano na Libiya yongewe iyindi myaka itatu kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Abaharanira agateka ka muntu bafise amakenga ko ubuzima bw’abimukira bafungiwe mu makambi muri Libiya bushobora kurushiriza bubangamirwa kubwo ayo masezerano.

Di maio yavuze ko reta yiwe yiteguye gukorana na ONU kugira ubuzima bw’abimukira mu makambi muri Libiya bumere neza no kwongereza amafaranga yo kubasubiza mu bihugu vyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG