Uko wahagera

Abanyaburaya Bemeranije Kugabangana Abimukira


Abimukira bagaragaza umunezero mu bwato bw'ishirahamwe ry'Abafaransa SOS Mediterane bwabatabaye, kw'itariki 23/08/2019.
Abimukira bagaragaza umunezero mu bwato bw'ishirahamwe ry'Abafaransa SOS Mediterane bwabatabaye, kw'itariki 23/08/2019.

Abashikiranganji b’intwaro mu gihugu hagati bava mu bihugu bitanu vya Bulaya barumvikanye ivy’ibanze ingene bagiye kuzogabangana abimukira batorwa mw’ibahari Mediterane.

Ayo masezerano yapfunditswe kuri uyu wa mbere mu mubonano wabereye mw’izinga rya Malte, kandi bitegekanijwe ko azoganirwako mu nama izohuza ibihugu vyose bigize umuryango w’ubumwe bwa Bulaya mu kwezi kuza.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati w’izinga rya Malte, Michael Farrugia, yari arongoye iyo nama yarimwo Ubudagi, Ubufaransa, Ubutaliyano na Finlande, yavuze ko bemeranije kugabangana abimukira baronderwa hamwe n’abatabarwa mu mazi.

Ibihumbi vy’Abimukira bava muri Afurika no mu buseruko bwo hagati barabandanya kugerageza gushika ku nkengera z’amazi ya Buraya, rimwe na rimwe bakoresheje uburyo bwo kwiyunguruza budashemeye. Ubutaliyano na Malte vyamye vyidogera ibindi bihugu vya Bulaya gukwega ibirenge mu kubafasha uwo mutwaro bama bikoreye ku musi ku musi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG