Uko wahagera

Libiya Cahagaritse Abimukira 90 mw'Ibahari ya Mediterane


Abakuwe mu mazi y'ibahari ya Mediterane
Abakuwe mu mazi y'ibahari ya Mediterane

Igihugu ca Libiya kimenyesha ko cahagaritse mu mazi y’ibahari Mediterane yegereye abimukira 90 bari bagiye mu karere k’i Bulaya.

Abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi z’ico gihugu bamenyesha ko ubwato bwari butwaye abimukira b’abanyafrika 90, harimwo abapfasoni 7, bwahagaritswe ku musi wa kabiri mu mazi y’ibahari Mediterane hafi y’igisagara ca Khoms. Ni ku bilometero bigera kw’i 120 mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Libiya, Tripoli.

Abo bimukira bashikanywe ku butaka bwa Libiya uno musi ku wa gatatu, bazojanwa mu kibanza gipfungiramwo abimukira kiri ku murwa amukuru, Tripoli.

Libiya ni yo nzira ikomeye abimukira bahunze ingwano n’ubukene bacamwo mu gihe baba bariko bagerageza kuja mu karere k’i Bulaya. Mu myaka ya vuba umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya warakoranye na Libiya n’izindi nzego zo muri ico gihugu mu gikorwa c’uguhagarika abimukira bagerageza kujabuka ibahari Mediterane bagana mu Bulaya.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yamara yaranebaguye ico gikorwa. Ayo mashirahamwe avuga ko vyatumye abimukira bageramirwa n’imirwi yitwaje ibirwanisho canke bapfungirwa mu bibanza birangwa n’umwanda aho baba buzuranye kandi bakubagurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG