Uko wahagera

Abimukira Bava muri Afurika Bakomeje Gutabarwa muri Mediterane


Abimukira ku cyambu cya Malaga mu majyepfo ya Esipanye kuri Mediterane taliki 2 ukwezi kwa cyenda 2019
Abimukira ku cyambu cya Malaga mu majyepfo ya Esipanye kuri Mediterane taliki 2 ukwezi kwa cyenda 2019

Abantu bagera ku 200 bariko bagerageza gushikira igihugu ca Esipanye bavuye muri Afurika yo mu buraruko baratabawe ku musi wa mbere. Ivyo vyabaye mu gihe hari impari mu gihugu ca Esipanye ku ruhara ubwato bujejwe gutabara bwogira mu gufasha utwigoro twa Reta two gufasha abagerageza guca mw’ibahari Mediterane kugira bashikire akarere i Bulaya.

Mu kigobe ca Gibraltar abantu 73 bari mu bwato 3 baratabawe. Muri bo harimwo abakiri bato 10. Abandi bantu 110 bari mu bwato 5 baratabawe. Benshi muri bo bajanywe ku kivuko co mu gisagara ca Malaga.

Abimukira bamaze gushika mu gihugu ca Esipanye gushika hagati mu kwezi kw’umunani muri uyu mwaka barenga gatoyi 18,000.

Ico gitigiri cagabanutse ibice 39 kw’ijana umuntu abigereranije n’ico gihe nyene mu mwaka uheze.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rimenyesha ko ibitigiri vy’abantu bashika i Bulaya bavuye mu buseruko bwo hagati y’isi no muri Afurika yo mu buraruko vyagabanutse mu kuva ku birenga gatoyi umuliyoni mu mwaka w’i 2015 bija ku 141,500 mu mwaka uheze. Ni mu gihe abantu bagera ku 15,000 bavugwa ko bapfuye canke irengero ryabo ritazwi mu gihe bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane kugira bashike i Bulaya.

.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG