Uko wahagera

Al Shabab Yateye Hafi y'Ikibuga c'Indege i Mogadishu


Abarwanyi ba Al-Shabab mu kamyo, bari mu gukizura i Mogadishu, Somaliya.
Abarwanyi ba Al-Shabab mu kamyo, bari mu gukizura i Mogadishu, Somaliya.

Abantu ndwi bakomeretse inyuma y’aho ibisasu vya morotiye bitewe na al-Shabab bigwiriye mu micungararo y’ikibuga c’indege i Mogadishu kuri uyu w’Imana, nkuko vyashikirijwe n’ababibonye hamwe n’abategetsi ba Somaliya.

Ivyo bisasu vyaguye mu karere ka Halane ko ku kibuga c’indege, gasanzwe gacungerewe bikomeye, ahasanzwe kandi hari abasirikare b’ubumwe bw’Afurika hamwe n’inteko za ONU muri Somaliya.

Ababibonye babwiye Ijwi ry’Amerika ko ibisasu bitandatu ari vyo vyatewe muri ako karere, inyuma y’isaha indwi zo ku muhingamo.

Umuhari al-Shabab wemanze ko ari wo wagavye ivyo bitero.

Iki gitero co kuri uyu w’Imana kibaye hasigaye umusi umwe ngo Somaliya yibuke umwaka ugira kabiri habaye igitero c’iterabwoba cahitanye abantu benshi cane muri ico gihugu ndetse no ku mugabane wa Afrika.

Kw’itariki 14 z’ukwezi kw’icumi, niho hibukwa abantu 587 bishwe abandi amajana barakomereka, inyuma y’aho bombe yatezwe mu kamyo iturikiye ku murwa mukuru Mogadishu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG