Uko wahagera

Al Shabab Yishe Abasirikare Batandatu ba Somaliya


Amasanamu ya kera y'abasirikare ba Somaliya bahagaze hafi y'inyubakwa yasambuwe n'igitero c'umwiyahuzi i Mogadishu, itariki 18/09/2016.

Abasirikare bashika kuri batandatu ba reta ya Somaliya hamwe n’umumenyeshamakuru afata amasanamu barishwe abandi 13 barakomereka ejo kuwa gatatu igihe abarwanyi ba al-Shabab batera ikambi ya gisirikare iri hafi y’umurwa mukuru, nkuko abategetsi babivuga.

Abategetsi bavuze ko imodokari itezwemwo ibisasu yaturikiye ku kambi ya gisagara ca Awdhegle, ku birometero 70 mu bumanuko bwa Mogadishu. Abo barwanyi baciye batera iyo kambi, barasana n’abasirikare ba reta imbere yuko basubizwa inyuma.

Al-Shabab, yashikirije ko yishe abasirikare ba reta 50 mu gihe buramatari w’intara ya Lower Shabelle Ibrahim Adan Najah yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abarwanyi 23 ba Al Shabab bishwe n’inteko za reta.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG