Uko wahagera

Al-Shabab Yagabye Igitero ku Ngabo z'Amerika i Mogadishu


Ikbuga cy'indege cya Mogadicio.

Umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab wigamvye ibitero wagavye ku kirindiro c’abasirikare ba Amerika kiri ku kibuga c’indege za gisirikare, Ballidogle, giherereye ku bilometero 90 uvuye ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadishu.

Mu itangazo Al-Shabab yasohoye, yavuze ko yishe abasirikare benshi ba Amerika bafasha ingabo za Somaliya gucungera umutekano. Ico gihe uwo muhari wasohora iryo tangazo wasigura ko “ugihanganye n’izo ngabo”.

Kimwe mu bitangaza makuru gikunze gutangaza amakuru y’umurwi w’iterabwoba Al-Shabab, cavuze ko ico gitero cahitanye abasirikare bagera kw’ijana, gisambura indege za gisirikare zitanu zirimwo izigenda zitagira umudereva.

Iradiyo ya gisirikare muri Somaliya ku ruhande rwayo mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter yavuze ko “Abasirikare ba Amerika na bagenzi babo ba Somaliya baburijemwo igitero c’abarwanyi baturikije bombe ku muduga wari hanze y’ikirindiro c’indege ca Ballidogle.”

Ikibuga c’indege catewe cahora gikoreshwa mu kugaba ibitero vy’indege zitagira abadereva ku birindiro vy’aba al-Shabab nkuko itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika AP ribivuga.

Hagati aho, ikinyamakuru c’Abongereza Reuters naco gitangaza ko ikindi gisasu ca bombe catezwe mu muduga wari uherereye mu micungararo y’ahatangirwa inyigisho za gisirikare ku murwa mukuru Mogadishu cakomerekeje abanyagihugu batari bake. Ico gitero cahushije ingabo z’ubumwe bwa Bulaya zitanga izo nyigisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG