Uko wahagera

Mayor wa Mogadisho Yapfuye Inyuma yo Gukomeretswa n'Igitero


Mayor wa Mogadishu Abdirahman Omar Osman yapfuye inyuma yo gukomeretswa n'igitero ca al-Shabab mu biro iwe' kw'itariki 24/07/2019.
Mayor wa Mogadishu Abdirahman Omar Osman yapfuye inyuma yo gukomeretswa n'igitero ca al-Shabab mu biro iwe' kw'itariki 24/07/2019.

Reta ya Somaliya yatangaje ko umukuru w’igisagara ca Mogadisho, Abdirahman Omar Osman yitavye Imana, inyuma yuko akomeretse bikomeye mu gitero umurwi w’intagondwa z’abayisilamu, al-Shabab wakoze mu biro vyiwe mu ndwi iheze.

Umuvugizi w’ibiro vya Prezida wa Somaliya yatangaje ko Abdirahman Omar Osman yitavye Imana uno musi ku wa kane muri Qatar aho yari yajanywe n’indege kugira avurwe inyuma y’igitero cakozwe mu biro vyiwe kw’italiki 24 z’ukwezi kw’indwi.

Umurwi al-Shabab n’abategetsi ba Reta ya Somaliya batangaje ko umwiyahuzi w’umugore yakoreshejwe mu biba gake muri ico gitero. Bemenyesha ko ico gitero cari kigenewe umunyamerika, James Swan, intumwa idasanzwe nshasha y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Somaliya. Ico gitero cabaye iminuta mikeyi inyuma yuko avuye mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Mogadisho, Abdirahman Omar Osman.

Ivyerekeye ukugene uwo mwiyahuzi w’umugore yashoboye kwinjira mu biro vy’umukuru w’ico gisagara ntibitomoye. Ivyo kubera abashitsi basabwa guca mu bibanza bine birimwo ivyuma bisuzuma ko ata birwanisho abantu bitwaje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG