Uko wahagera

Urugamba n'Abaperereza kuri Trump Rushobora Gushika muri Sentare


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump.
Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yamenyesheje ko urugamba ariko ararwana n’abademokrate bamutohozako kugira barabe ko yokwagirwa mu nyuma agakurwa ku butegetsi, ruzoruhira gushika muri sentare nkuru y’igihugu.

Perezida Trump yabishikirije abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, inyuma y’umusi umwe Maison Blanche ivuze ko yanse gukorana n’abademokrate batanguje amatohoza agamije kuraba ko yokurwa mu mabanga yo kurongora igihugu. Trump ntiyavuze ico abarongoye inama nshingamateka bokora mu gihe bashaka gukorana nawe muri ayo matohoza.

Ibiro vya perezida, Maison Blanche, bivuga ko iperereza kuvyo perezida yoba yarakoze, vyotuma asezererwa ku butegetsi ritubahirije ibwirizwa shingiro kandi bisaba ko inama nshingamateka yohabwa akaryo ko gutora ikemeza canke igahakana ko iryo perereza riba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG