Uko wahagera

USA: Perezidansi Yanse Gukorana n'Abaperereza kuri Trump


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump muri White House, kw'itariki 08/10/2019.
Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump muri White House, kw'itariki 08/10/2019.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ibiro vya perezida Maison Blanche, bishikiriza ko bitazokorana n’ico vyise iperereza riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro, rigamije gukura ku butegetsi perezida Donald Trump.

Biri mu rwandiko umuhanuzi muvyo amategeko muri Maison Blanche, Pat Cipollone yarungikiye indongozi z’inama nshingamateka kuri uyu wa kabiri, harimwo Nancy Pelosi ayirongoye.

Abo bategetsi bari mw’iperereza ryo kumenya nimba Trump yaraciye kubiri n’amategeko mu gusaba igihugu ca Ukraine gutohoza ku mudemokrate Joe Biden bashobora kuzohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Uru rwandiko ruje inyuma y’aho ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwankiye ko Ambasaderi w’Amerika mu muryango w’ubumwe bwa bulaya, Gordon Sondland yitaba kwishura ibibazo vy’abashingamateka kuri uyu wa kabiri kuvyo yoba azi kuri ayo matohoza.

Pelosi arongoye inama nshingamateka yishuye avuga ko urwo rwandiko rwa Maison Blanche ari ukwihenda, ko ari ugukingira Trump abangamiye demokarasi kandi ari ukwerekana ko ari hejuru y’amategeko.

Pelosi, yagabishije perezidansi avuga ko utwigoro twose two guhisha ukuri ku gukoresha ubutegetsi ku nyungu ziwe bizoboneka ko ari ibindi vyemeza ko ari ukuburizamwo amatohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG