Uko wahagera

Amatohoza kuri Trump Ageze ku Bushikiranganji bwo Kwivuna Abansi


Inyubako y'Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika (Pentagon) i Washington.
Inyubako y'Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika (Pentagon) i Washington.

Abademokrate mu nama nshingamateka basohoye urwandiko rusaba ubushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’ibiro vyo mu biro kwa perezida bijejwe amafaranga, kubarungikira inzandiko zijanye n’ingingo ya Trump yo guhagarika imfashanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine.

Iyi ngingo y’abademokrate ije ikurikira ayandi makuru mashasha yamenyekanye ku musi w’Imana, aho uwundi mukozi w’iperereza agira kabiri yaserutse mu mpisho avuga ko afise ivyemeza ku vyakozwe na reta ya Trump.

Trump arahakana ko ata kibi yakoze. Yamye avuga ko kuvugana na perezida wa Ukraine kuri telephone ataco vyononye kandi ko bigamije kumukura ku butegetsi.

Abademokrate bariko baratohoza nimba Trump yaragobereye Ukraine ngo itohoze ku mudemokrate batavuga rumwe muri politike Joe Biden hamwe n’umuhungu wiwe, Hunter.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG